Ishirahamwe CVMR ryo muri CANADA rigiye gutangura ivyigwa ku butare bw’Uburundi


Kamran Kausan arongoye ishirahamwe CVMR (i bubamfu), ari kumwe na Come MANIRAKIZA, umushikiranganji w’Uburundi ajejwe ubutare n’agataka

Ubushikiranganji bw’ubutare, agataka n’amasoko ntanganguvu, bwasinyiraniye kuri uwu wa mbere amasezerano n’ishirahamwe CVMR ricukura ubutare, ryamuka mu karere ka Toronto mu gihugu ca Canada. Ayo masezerano akaba ari ayo gukora ivyirwa vyo gucukura ubutare bwa Nickel mu bice vya Waga na Nyabikere hamwe n’ubutare bwa Vanadium i Mukanda.

Umushikiranganji Côme Manirakiza w’ubutare, agataka n’amasoko ntanganguvu amenyesha ko ivyo vyigwa arivyo kwunganira ibimaze gukorwa, mu ntumbero yo kuzocukura ubutare bwo muma komine yo mu ntara ya Gitega hamwe n’igice co mu ntara ya Ruyigi.

Uwo mushikiranganji arongera akamenyesha ko ishirahamwe CVMR n’aho rikomoka mu gihugu ca Canada, ryaguruje ishami ryaryo mu Burundi, rikaba rigengwa n’amategeko y’igihugu c’Uburundi.

Mu kunguko Uburundi bugiye kuharonkera, umushikiranganji Côme Manirakiza amenyesha ko isoko rya Nickel n’ubundi butare rigiye kuboneka ku rugero runini. Avuga ati :

«Ubuhinga n’ubushakashatsi bugenda butera imbere, isi igeze aho imiduga izohora ikoreshwa n’ama bateri akozwe mu butare bwa Nickel n’ubundi butare dusanzwe dufise aha iwacu, mu kibanza c’igitoro. Nta nkeka ko ubutare bwacu bugiye kugira agaciro kanini na rirya igiciro ca Nickel caduze kw’isoko mpuzamakungu».


Umushikiranganji Côme Manirakiza niwe yateye umukono kuri ayo masezerano, kw’izina rya Reta y’Uburundi

Kamran Kausan arongoye ishirahamwe CVMR, amenyesha ko gukorera mu Burundi ari intambwe ikomeye.

“Ni umunezero n’iteka kuri twebwe kugiriranira amasezerano na Reta y’Uburundi. Twariyemeje kuzokora mu kiringo gito gishoboka ivyigwa vyo gucukura ubutare, tukaba dufise intumbero yo guteza imbere ubutare bw’Uburundi »


Kamran Kausan arongoye ishirahamwe CVMR

Tubamenyeshe ko ivyo vyigwa bizomara umwaka umwe, bikaba bizotangura mu ntango z’umwaka w’2018.

Read more from original source: http://igihe.bi/Ishirahamwe-CVMR-ryo-muri-CANADA

This entry was posted in Metal Marketing, Mining, News. Bookmark the permalink.

Comments are closed.